Mu Misiri Hatanguye Ibiganiro vy'Amahoro kuri Sudani

Abategetsi b'ibihugu 6 bibanyi vya Sudani, vyahuriye i Kayiro, mu Misiri, mu biganiro vy'amahoro vyo ku rwego rwo hejuru kuri Sudani kuva intambara yadutse muri ico gihugu mu kwezi kwa kane kw'uyu mwaka.

Ivyo biganiro vyakiwe na Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, vyitabwe n’abakuru b’ibihugu vya Etiyopiya, Sudani yo mu bumanuko, Cadi, Eritreya, Republika ya Sanfrafrika na Libiya.

Sudani yarageramiwe n’ubwicanyi n’uruhagarara kuva kw’itariki 15 y’ukwezi kwa kane kw’uyu mwaka igihe imishamirano hagati y’igisirikare ca reta n’inteko ziyonkoye kuri reta yadukamwo ingwano yeruye.

Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo biganiro, prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, yavuze ko icipfuzo ciwe ari uko impande zitana mu mitwe muri Sudani zoshika ku masezerano yo guhagarika ingwano azorama, gushiraho imihora irimwo umutekano yo gutabara abanyagihugu no gutunganya ibiganiro vyohuza impande zose za politike mu gihugu.

Inama kuri uyu wa kane, yabaye indwi nkeyi inyuma y’uko ibiganiro kuri Sudani mu gisagara ca Jeddah, muri Arabiya Sawudite, ataco bishitseko. Hari inyuma y’uko impande zompi zanse guhagarika kurwana kandi zirenze ku masezerano yo guhagarika intambara. Ivyo biganiro vyari bihagarikiwe na Arabiya Sawudite na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Sudani, Haitham Mohammed Ibrahim, mu kwezi guheze, yatangaje ko ingwano muri Sudani yahitanye abantu barenga 3.000, abandi barenga 6.000 barakomereka.

Yamara abaganga n’abaharanaira agateka ka muntu bavuga ko ibitigiri nyakuri vy’abapfuye biri hejuru kurushiriza. Ingwano muri ico gihugu yatumye abantu barenga imiliyoni 2 n’ibihugu 400 bata ingo zabo bahungira mu bibanza birimwo umutekano kurushiriza, mu gihe abandi barenga 738.000 bahungiye mu bihugu bibanyi. (AP)