Perezida wa Irani Yiteguriye Urugendo Rudasanzwe mu Bihugu vya Afurika

Perezida Ebrahim Raisi wa Irani

Urwo rugendo ruzogigwa muri Kenya, Uganda, na Zimbabwe ruzoba rubaye urwa mbere rukozwe n’umukuru w’igihugu ca Irani muri Afrika mu myaka 11.

Prezida Ebrahim Raisi azotangura urwo rugendo rwiwe kuri uyu wa kabiri mu mugambi wo gukomeza imigenderanire y’ico gihugu n’ibihugu vya Afrika hamwe n’ibindi bitari bisanzwe bitayifitaniye.

Uwo mukuru w’igihugu azoherekezwa n’umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire n’amakungu, hamwe n’abandi bagwizatunga bakomakomeye. Yiteze kubonana n’abakuru b’ivyo bihugu bitatu nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru ca reta ya Irani IRNA.

Kuri uno musi wa mbere umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amahanga, Nasser Kanani, avuga ko urwo rugendo ruzoba ari “Ibihe bishasha” bigiye kunagura urwego rw’ubudandaji hagati yabo n’ibihugu vy’Afrika.

Yongeye amenyesha ko ivyo bigiye gukorwa kwubakirwa ku migabo n’imigambi ya politike reta ya Tehran isanzwe ihurijeko n’ivyo bihugu vy’Afrika.