Congo n'Afrika y'Epfo Birategekanya Gusinya Amasezerano yo Gutabarana

Prezida w'Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ahura na mgenzi we wa Congo Felix Tshisekedi i Kinshasa, kuri 06/07/2023

Prezida wa Republika ya demokrasi ya Congo, Felix Tshisekedi, ku musi wa kane, yaratangaje ko afise imigambi yo gutera igikumu ku masezerano yerekeye umutekano na Afrika y'epfo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe na prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, ku murwa mukuru, Kinshasa, Tshisekedi yavuze ko ayo masezerano ashobora kuzoba yerekeye gufashanya mu vyerekeye kwivuna umwansi. Prezida Tshisekedi yavuze ko amasezerano yerekeye kwivuna umwansi y’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, yoba akarorero. Yamara nta birenga aho yamenyesheje. Yavuze ko bazomenya ibirenga aho mu misi, n’indwi biri imbere.

Republika ya demokrasi ya Congo na Afrika y’epfo vyompi biri mw’ishirahamwe SADC, rigizwe n’ibinugu 16. Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, ku ruhande rwiwe yemeye kubandanya gufasha Congo mu bijanye no gutorera inyishu ibibazo vy’umutekano muke n’ubukene. Yavuze ko biteguriye igihe cose gufasha Congo, nk’uko babikoze muri kahise. Yatangaje kandi ko bazokomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi mu gutera igikumu ku masezerano ku bijanye n’umutekano n’ukwivuna umwansi.

Imirwi yitwaje ibirwanisho yarageramiye ibice bitari bike vyo mu buseruko bwa Congo mu kiringo c’imyaka mirongo itatu. Congo yagirije incuro zitari nke, u Rwanda ko rushigikiye abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23. Ni ikirego u Rwanda ruhakana. (AFRICANEWS)