Kenya Yigijeyo Ingingo Yo Gusubira Kwugurura Imbibe Zayo Na Somaliya

Kenya kuri uyu wa Gatatu, yatangaje ko yigijeyo ingingo yo gusubira kwugurura imbibe zayo na Somaliya. Ni inyuma y'ibitero biherutse gukorwa ku butaka bwayo yegetse ku barwanyi b'umurwi, Al-Shabab.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’igihugu ca Kenya, Kihure Kindiki, yatangaje ko gusubira kwugurura imbibe mu bice vya Mandera, Lama una Garissa bitashoboye kuba nk’uko vyari vyatangajwe mu kwezi kwa gatanu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’iyicwa ry’abasivile 5 n’abapolisi 8 mu bitero bitandukanye vyabereye hafi y’ububibe ivyo bihugu vyompi bihana mu kwezi guheze. Ibitero vyegetswe ku murwi Al-Shabab ukorana n’umurwi Al-Qaida.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Kenya, yatangaje ko Reta ya Kenya izokwigizayo umugambi wari utegekanijwe wo kwugurura imbibe hagati y’ico gihugu na Somaliya gushika batoreye inyishu ibitero abo avuga ko ari abagira iterabwoba b’umurwi Al-Shabab bakora ku butaka bw’igihugu ciwe.

Yabitangaje mu gihe yariko agendera ikambi y’impunzi ya Dadaab iri mu buseruko bw’igihugu hafi y’urubibe na Somaliya.

Imbibe zugawe icese mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2011, bivuye ku bitero vy’umurwi Al-Shabab. Somaliya na Kenya vyaratangaje mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2022 icipfuzo co gusubira kwugurura imbibe bihana mu biganiro vyabaye hagati ya Prezida wa Kenya w’ico gihe, Uhuru Kenyatta, na mugenzi we wo muri Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud.

Yamara ico ciyumviro nticigeze gishirwa mu bikorwa.