Umugambwe CNL Urasa n'Uwacitsemo Ibice Bibiri

Agathon Rwasa ari kumwe n'umutambukanyi wiwe Annociate Haberisoni

Abanywanyi b’umugambwe CNL 11 bo mu rwego nyobozi basohoye itangazo kuri uno wa kabiri bamenyesha ko bakomboye Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL. Ni mu gihe hari haheze indwi Agathon Rwasa akomboye abo banywanyi mu mabanga yabo.

Igenekerezo rya 30 ukwezi kwa kane uno mwaka, umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa wararemesheje ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe. Muri iryo koraniro hapfunditswe ko inzego z’umugambwe zitegerezwa kwisunga indinganizo nshasha y’igihugu aho amatora yimirije mu Burundi mu mwaka 2025 ku bashingamateka, Uburundi buzoba bugizwe n’intara zitanu zahora ari cumi n’umunani.

Your browser doesn’t support HTML5

Umugambwe CNL mu Ngorane.mp3

Muri kino gihe turiko turabashikiriza ino nkuru, iyo ndinganizo nshasha y’intara zitanu mu Burundi ntibiramenyekana neza ryari izoja mu ngiro. Iyo ndinganizo nshasha yatumye benshi mu bari bagize inzego nyobozi z’umugambwe mu ntara no mu ma komine, batakaza ibibanza vyabo, ibitabanezereje.

Ku itariki ya kane y’ukwa karindwi 2023, abanywayi b’umugambwe CNL 11 bagizwe n’abashingamateka 10 barasohoye urwandiko bavuga ko bahagaritse umukuru w’umugambwe CNL Rwasa Agathon mu mabanga yo kurongora uwo mugambwe. Ivyo bamwagiriza harimwo guhemukira umugambwe ku nyungu ziwe, bishikirizwa n’umushingamateka Térence Manirambona. Uwo asaba ko vuba na bwango hoca haba ikoraniro kaminuza ry’umugambwe, Agathon Rwasa agasubirizwa kugira ibikorwa vy’umugambwe ntibidindire.

Igenekerezo rya 28 ukwezi kwa gatandatu, abo banywanyi ba CNL bamenyesheje kuri uno wa kabiri ko Rwasa abogojwe mu mabanga yiwe, bari bahagaritswe. Mu kubahagarika, hisunzwe cane cane ingingo ya 47 yo mu mategeko agenga CNL. Iyo ngingo ivuga ko umukuru w’umugambwe abanje kubija inama n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, afise uburenganzira bwo guhagarika abanyamabanga bakuru b’umugambwe ku rwego rw’igihugu, abahanuzi mu biro vy'umukuru w’umugambwe, abahanuzi b’umunyamabanga mukuru be n’abarongoye abandi ku rwego rw’uturere.

Umwarimu wa kaminuza yanonosoye ivyirwa vya politike, Denis Banshimiyubusa amenyesha ko itunganywa ry’imigambwe mu Burundi ritigera ryisunga intwaro ibereye. Amenyesha ko iryo bomborabombora muri CNL ari aho rituruka nk’uko vyagiye biribonekeza no mu yindi migambwe mu Burundi. Uwo muhinga amenyesha ko izo ndyane ziri muri CNL zishobora gutuma uwo mugambwe ucikamwo ibice.

Ku ruhande rwa Rwasa basaba abo biyonkoye kwemera ibihano bahawe, hanyuma basabe ikigongwe bagaruke mu ruhongore.