Abatalibani bahagaritse ibibanza abakenyezi bakoreramwo muri Afuganisitani

Aha i Kabul, bamwe mu bagore bategereje imfashanyo

Reta y’Afuganisitani yategetse ko ibibanza amajana n’amajana biyobowe n’abakenyezi bihagarika ibikorwa vyabo vyose mu kiringo c’ukwezi kumwe. Iyo ngingo ibaye imwe muri nyinshi zifise intumbero yo guhagarika ibikorwa vy’abakenyezi mu bibanza rusangi muri ico gihugu gisanzwe kirangwamwo ubukene bwinshi.

Ubushikiranganji bwa reta y’Abatalibani bujejwe kugwanya imico mibi no guteza imbere inyifato zibereye, bwamenyesheje abategetsi ku mugwa mukuru wa Kabul n’intara ko bategerezwa gushira iyo ngingo mu ngiro. Busaba kandi ko bagahagarika impapuro z’impusha zose z’ivyo bibanza vyo gukoreramwo imishatsi, zibaha uburenganzira bwo kubikora.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko iyo ngingo yavuye mw’itegeko ryasohowe n’umukuru w’igihugu Hibatullah Akhundzada.

Kuva Abatalibani bafashe ubutegetsi haciye imyaka ibiri, barahagaritse uburenganzira bw’abana b’abakobwa bwo kwiga amashure arenze umwaka wa gatandatu, bongera bahagarika abakenyezi bari basanzwe bakora muri reta. Banabujije amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo na ONU, gukoresha abakenyezi. (VOA News)