Uburundi Bwasohotse Mu Nama ya ONU Ku Bibazo Vy'Agateka Ka Zina Muntu

Uburundi bwanse gukomeza bukurikira inama igira 138 ivuga ku bibazo vy'agateka ka zina muntu iriko ibera i Jeneve mu Buswisi kuva kuri uyu wa mbere. Iyo nama yorangiye kuri uyu wa kabiri.

Mw'itangazo ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu bwasohoye, Ijwi ry'Amerika ryashoboye kubona, Reta y'Uburundi yatangaje ko ivuye mu bikorwa vy'iyo nama.

Iryo tangazo rivuga ko Reta idashobora kwihanganira kubona abantu biyita abaharanira agateka ka zina muntu bakorera hanze y'igihugu bari muri ivyo bikorwa kandi mu vy'ukuri ari "Abagizi ba nabi baciriwe imanza n'ubutungane bw'Uburundi".

Urwo rwandiko runavuga ko urutonde rw'abo bantu Reta y'Uburundi itipfuza kubona yari yaruhaye komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, imbere y'uko inama itangura.

"Turababajwe no kubona iyo komite itemeye ivyo twayisavye kandi Uburundi bubifitiye uburenganzira", ni ko iryo tangazo rivuga.

Naho Uburundi bwikuye mu bikorwa vy'iyo nama butangaza ko buzoguma bwitwararika kwubahiriza amategeko n'amabwiriza agenga ibisata n'amashirahamwe bifitaniye amasezerano.

Ijwi ry'Amerika ryavuganye na Armel Niyongere, umukuru w'ishirahamwe ACAT-Burundi riharanira agateka ka zina muntu akaba n'umwe mu bashingwamanza batwaye ibirego muri sentare mpanavyaha i Lahaye muri CPI kurega, bamwe mu bategetsi bikekwako ivyaha bityoza agateka ka zina mu Burundi.

Yaribwiye ko ari,we, abaserukiye Reta y'Uburundi banse ko abonana na komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ariko iyo komite iravyanka.

Ari i Jeneve kuri uyu wa mbere ku mugoroba yatubwiye ko azokomeza iyo nama kandi ata bwoba afise naho Reta y'Uburundi yamusohoreye umutahe mpuzamakungu.

Mu Burundi, abamenyeshamakuru n'abaharanira agateka ka zina muntu 12 bari ku rutonde rw'abantu basohorewe imitahe n'ubutangane bikekwa kuba baragize uruhara mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryateshejwe mu kwa gatanu mu mwaka w’ 2015.