Intambwe Ku Vyerekeye Agateka Ka Muntu Muri Etiyopiya

John Kirby avugira ibiro vya Prezida wa Amerika ku bibazo vy'umutekano

Reta ya Amerika yarakuyeho ingingo yari yafatiye Etiyopiya z’ukugabanya imfashanyo yaha ico gihugu kubera intambwe ico gihugu cateye mu nzira yo kuangura agateka ka muntu.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida wa Amerika, ku bibazo bijanye n'umutekano, John Kirby, mu ndwi iheze yatangaje ko intambwe ku vyerekeye agateka ka muntu zibonekeje cane inyuma y’uko amasezerano yo guhagarika ingwano ateweko igukumu, hagati ya Reta ya Etiyopiya n’inteko zo mu ntara ya Tigreya.

Ivyo vyakozwe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2022. Ayo masezerano yarahagaritse intambara yatumye abantu ibihumbi amajana n’amajana bageramirwa n’inzara, abandi imiliyoni n’imiliyoni bakava mu vyabo, ikanahitana abandi ibihumbi n’ibihumbi.

Naho ubwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka muntu vyagabanutse kuva amasezerano yo guhagarika intambawa apfunditwe, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko ubwicanyi bwabandanije mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya, harimwo gutuza abo mu bwoko bw’Abatigreya muri iyo ntara.

Umuhanuzi wa Prezida wa Amerika ku bibazo vyerekeye umutekano, John Kirby, yatangaje ko gukuraho izo ngingo bizobafasha mu ntumbero yo gushigikira amahora azorama muri Etiyopiya. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’ Amerika, bwavuze ko imfashanyo yabwo izoshigikira amahoro n’ugusubiza hamwe kw’abanyetiyopiya.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yavuze ko umugambi wo gusubira guha imfashanyo Etiyopiya uzoba intumbero yo kurushiriza mu gushigikira ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika ingwano no gufasha mu gikorwa co gushira imbere amahora arama.

Yavuze kandi ko uyo mugambi uzofasha kunywanisha Abanyetiyopiya. Yatangaje ko reta ya Ameika izobandanya kwerekana impungenge no kuvuga ku makuru yerekeye ihohoterwa gushengeza imbere y’ubutungane abahonyanga agateka ka muntu.

Reta ya Amerika yaragabanije imfashanyo yerekeye ubutunzi n’umutekeno yahora iha Etiyopiya mu gihe c’ingwano, ikaba yari yakuye ico gihugu mu mugambi wa AGOA ugenewe kworohereza ubudandaji hagati ya Amerika n’umugabane wa Afrika. Uwo mugambi wari wagiriye akamaro amahinguriro y’impuzu muri Etiyopiya.

Umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano mu biro vya prezida wa Amerika, yatangaje ko gusubira kwemererwa kwa Etiyopiya mu mugambi wa AGOA bizokwihwezwa mu buryo butandukanye n’ingingo yafashwe ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Yavuze ko ikigo kijejwe guhanura Prezida wa Amerika ku bibazo vyerekeye ubudandaji n’amakungu cama cihweza uko umwaka utashe ukugene ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika bibandanya kwubahiriza ibisabwa kugira bibandanye gukura inyungu mu mugambi wa AGOA.

Ku rundi ruhande, ibiro vya America bijejwe iterambere mu makungu, USAID, mu ntango z’uku kwezi vyaratangaje ko bihagaritse imfashanyo y’ibifungurwa biha Etiyopiya kubera izo mfashanyo zanyurujwe aho guhabwa abantu bazikeneye.

Umusi umwe inyuma y’aho ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe ibifungurwa, PAM ryaciye rifata ingigno nk’iyo. Ibiro, USAID, bimenyesha ko bitewe umutima uhagaze n’ububare bubandanya kugaramira Abanya-Etiyopiya.

Ivyo biro bivuga ko bizoshimikira ku bikorwqa vyo gusubira gutanga imfashanyo y’ibifungurwa mu buryo bwihuta bushoboka, niyo abategstei bavyo babona ko izo mfashanyo zishikira abanyagihugu bazikeneye.

USAID imenyesha ko yafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo z’ibifungurwa kubera ata kundi vyari kubigenza kubera yariko inyuruzwa mu bice bitandukanye vya Etiyopiya.

Abantu barenga imiliyoni 20 barakeneye imfashanyo y’ibihfungurwa muri Etiyopiya, cane cane bitewe n’inkurikizi zikomeye z’uruzuba zitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka itari mike n’ingwano yabaye mu buraruko bw’igihugu.

Mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka, Reta y’Amerika yaratangaje ko impande zompi mu ntambaara zakoze ivyaha vyo mu ngwano. Etiyopiya yariyamirije ivyo birego co kimwe n’igihugu kibanyi cayo ca Eritreya, inteko zaco zifatanije z’iza Etiyopiya mu kurwanya inteko zo mu ntara ya Tigreya.