Abanyamerika Barindiranye Lionel Messi Igishika Cinshi

Lionel Messi

Ababa mu gisagara ca Miami muri reta ya Florida muri iyi minsi babandanya kwibutswa umuzo w’icamamare mu mupira w’amaguru Lionel Messi barindiranye igishika.

Messi, agiye gushikana imyaka 36 muri uku kwezi. Yatangaje kw’itariki ya 7 y’uku kwezi kwa gatandatu ko agiye kuzokinira ekipe Inter Miami yo muri ico gisagara. Ukwemeza umuzo wiwe vyaratangaje cane benshi mu gisata c’umupira w’amaguru kw’isi kandi rizoba izina rurangiranwa mu gisata c’inkino rizoba ryinjiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika no mu gisagara ca Miami.

Messi, yamaze imyaka ibiri akinira ekipe Paris Saint-Germain mu Bufaransa. Aracariko araheraheza ibijanye n’impapuro n’iyi ekipe yiwe nshasha. Yitezwe gukina urukino rwa mbere aho ekipe Inter Miami izokina na Cruz Azul yo muri Megizike kw’itariki ya 21 z’ukwezi kw’indwi. Ni mu marushanwa yo mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko.

Umuzo wiwe muri Miami wateye icizere ko abarorera umupira w’amaguru bagiye kwiyongera muri Reta zunze ubumwe za Amerika imbere y’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mwaka wa 2026. Zimwe mu nkino z’iryo higanwa zizobera muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibiciro vy’amatike ku nkino za Inter Miami vyaradugijwe cane kuva hatangajwe ko Messi agiye kuza. Ayandi makipe aza yatanguye kugurisha amatike y’inyongera ku nkino azokina n’iyi ekipe nshasha ya Messi.