Muri Afrika y’Epfo, 31 Bariko Barimba Ubutare Barapfuye

Abaporisi bo muri Afrika y'epfo bariko baratohoza ahapfiriye abantu bariko baracukura ubutare i Krugersdorp, muri Afrika y'Epfo

Muri Afrika y’epfo, abategetsi batangaje ko abantu 31 bariko barimba ubutare batabifiye uburenganzira, bahasize ubuzima mu kwezi guheze, inyuma y’aho bahitaniywe n’umuriro wadutse muri ico kibanza.

Abategetsi bavuga ko naho iryo sanganya ryabaye mu kwezi guheze, amakuru yaryo yamenyekanye uyu musi ku wa gatanu.

Igikorwa co kurondera ibisigarira vy’abo bantu cabaye kiratenyenya kuko abategetsi bavuga ko urugero rw’ubumara bwa gaze metane, rukiri hejuru mu kibanza abo bantu batakarije ubuzima.

Umurima urimwo ubwo butare mu gisagara ca Welkom muri reta ya Free State, wahora uri mu minwe y’ishirahamwe ryo muri ico gihugu ricukura ubutare. Yamara wari warugawe kuva mu myaka yo mu 1990.

Ubushikiranganji bwo muri Afrika y’epfo bujejwe ubutare n’ubutaka bwatangaje ko buriko buratahoza icatumye iryo sanganya riba. Bwasiguye kandi ko bwikeka ko abariko barimba ubwo butare batabifiye uburenganzira bashobora kuba bava mu gihugu kibanyi ca Lesotho. (AP)