Polonye Yahagaritse Indege Yarimwo Abanyafurika y'Epfo Bagiye muri Ukraine n'Uburusiya

Ishusho y'indege yegukira AFurika y 'epfo

Polonye yabujije indege ya Afurika kubandanya urugendo yariko ikora igana muri Ukraine. Indege yahagarikiwe ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru, Varsovie, yarimwo abatandukanye bo muri Afurika y'epfo bari mu murwi ugiye muri Ukraine no mu Burusiya kuraba ingene hoba ibiganiro vy'amahoro bihuza ivyo bihugu bimaze igihe birwana.

Indege ya Afrika y’epfo Polonye yahagaritse yavuye I Pretoria mu gitondo ca kare co ku wa kane. Yarimwo abantu bagera kw’120 bagwiriyemwo ahanini abajejwe gucungera umutekano wa Prezida wa Afurika y’epfo, Cyril Ramaphosa, abamenyeshamakuru n’abandi bari mu murwi waherekeje Prezida Ramaphosa muri Ukraine n’Uburusiya.

Mu kiganiro kitari gitegekanijwe Jenerali Wally Rhoode atwara igisata kijejwe umutekano mu biro vya Prezida Ramaphosa, yahaye abamenyeshamakuru bari muri iyo ndege, yagirije abategetsi ba Polonye ivangurarukoba, yongera avuga ko bashize mu kaga ubuzima bwa Prezida Ramaphosa, kandi bacereje abantu bose bari muri iyo ndege.

Reta ya Polonye yisiguye ivuga ko ivyo vyagiriji bidafashe. Stanislaw Zaryn Ajejwe ivy’ibirere muri Polonye, yagize ati: “Bamwe mu bari muri iyo ndege bari bafise ibirwanisho batabifiye uruhusha. Ni co gituma twanse ko bayivamwo bagifise ibirwanisho. Aho kwemera gusohoka ata birwanisho, bahisemwo kuyigumamwo”

Jenerali Wally Rhoode atwara igisata kijejwe umutekano mu biro vya Prezida Ramaphosa yahakanye ibirego vya Polonye agira ati: “ Bavuze ko ata ruhusha rwo gutwara ibirwanisho twari dufise, ariko barabesha, twari turufise.” Uwo mutegetsi yamara yatanze umuco avuga ko bamwe mu bari muri iyo ndege bari bitwaje kopi gusa z’impusha zo kwinjirana mu ndehe ibirwanisho.”

Vincent Magwenya, avugira Prezida Ramphosa, nawe yavuze ko ivyabaye bibabaje ariko bitigeze “bibangamira umutekano wa Prezida Ramphosa, yashitse mu mutekano ntangere I Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine”.

Inyuma y’ibiganiro vyahuje impande zose, abategetsi ba Polonye bahavuye borohereza abari muri iyo ndehe barasohoka inyuma y’amasaha hafi 24 bayimazemwo batemerewa gusohoka.

Prezida Cyril Ramaphosa we yashitse I Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine uno munsi ku wa gatanu akoresheje gari yamoshi yamuvanye muri Polonye. Yari yashitse muri ico gihugu ku wa kane nyene akoresheje indege y’igihugu, irerura aba prezida ba Afurika y’epfo, , yitwa Inkwazi.

Azova I Kiev ejo ku wa gatandatu yerekeza mu gisagara ca Pétersbourg aho we n’abagenzi biwe baturuka muri Afrika bazobonanirana na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Poutine.