Umushikiranganji Ajejwe Imigenderanire y'Amerika n'Ayandi Makungu Azogendera Ubushinwa

Antony Blinken kumwe na mugenzi wiwe w'Ubushinwa

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken azogendera Ubushinwa kuri uyu wa gatanu.

Mu bizojana Blinken mu Bushinwa, ahanini harimwo ukuraba ingene imigenderanire y’Ubushinwa n’Amerika yosubira kuba myiza.

Abasesanguzi babwiye Ijwi ry'Amerika ko amahirwe y’uko urugendo rwiwe ruzogira ico ruhinduye mu cuka kibi kimaze igihe hagati y’Amerika n’Ubushinwa yamara ni make cane.

Antony Blinkene ni we mushikiranganji wa mbere ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu agendeye Ubushinwa kuva mu 2018.

Ku wa kabiri mw’ijoro, Blinken yaravuganye kuri terefone na mugenzi wiwe w’Ubushinwa, Qin Gang. Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Antony Blinken yavuze ko we na mugenzi wiwe w’Ubushinwa Qin Gang, baganiriye ku twigoro two kubandanya bavugana, n’ibibazo biri hagati y’Ubushinwa n’amakungu, hamwe n’ibihanze isi muri rusangi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Matthew Miller, abicishije mw’itangazo yasohoye nawe, yavuze ko Blinken yumvikanishije ko Amerika izobandanya gukoresha inzira zose zisunze imigenderanire myiza kugira yerekane ibitandukanye biyiraje ishinga, n’impande ibonamwo ivyizere vyo gukorana neza.

Ku rundi ruhande, itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y'Ubushinwa n’ayandi makungu rivuga ko Umushikiranganji Qin yabwiye Blinken ko “Amerika ibwirizwa kuvavanura n’ico yise kwivanga mu vyega Ubushinwa, no kubangamira umutekano n’iterambere vy'Ubushinwa.”

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu bubicishije mw’itangazo bwasohoye, bwavuze ko Ubushinwa bwizera kuzokorana n’Amerika mu ntumbero yo gutorera umuti ibitandukanya ivyo bihugu, no guteza imbere imigenderanire yavyo.

Abasesanguzi bavuga ko naho icuka ari kibi hagati y’Amerika n’Ubushinwa, impande zose ziriko ziragerageza ingene zitunganya inama izozihuza mu mpera z’uno mwaka wa 2023.

Urugendo Blinken azokorera I Beijing rwari kuba mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, ariko arusivya kubera ibipira binini Amerika yemeza ko Ubushinwa bwarungitse mu kirere cayo gusuma urusaku. Mu bindi vyatumye Blinken asivya urugendo rwiwe, harimwo n’icuka kibi catewe n’uko Amerika ishigikiye Tayiwani mu bibazo ifitaniye n’Ubushinwa.