Burundi: Guhagarika Kurangura Ibidandazwa Bitabora Vyaradugije Ibiciro vy'Ibifungurwa

Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro mu Burundi incuro zibiri zirenga

Mu Burundi, iminsi igera kuri itanu iraheze hafashwe ingingo yo guhagarika kurangura ibidandazwa bitabora bivanwa mu ntara zo hagati mu gihugu.

Ivyo bikaba vyatumye ibiciro biduga cane ku masoko kubari barabiranguye mbere. Ahandi naho bakabibura nkuko abaguzi n’abadandaza bavyiganiye Ijwi ry’Amerika.

Iyo myidogo yabo ije inyuma y’ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere Rusangi ihagarika impusha ku badandaza barangurira ibidandazwa vyinshi mu ntara bakabitwara mu zindi ntara. Vyashikirijwe na Pierre Nkurikiye Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi mu ndwi iheze.

Abadandaza batandukanye twavuganye, berekana igihombo barimwo inyuma yifatwa ry’iyo ngingo.

Banavuga ko baguma batanga amakori, hakiyongerako kuriha amazu bakoreramwo kandi batariko barakora neza. Ivyo navyo bikaba akunyuko ku gihombo barimwo.

N’abaguzi bari basanzwe baja gusuma kw’isoko umunsi ku wundi basigura ko ibiciro vyongerekanye kubasanzwe bari barabiranguye. Bakemeza ko bibakomereye muri iki gihe.

Baba abaguzi canke abadandaza, bose basaba Reta ko yotezura hakagira na bikeyi bemererwa kuja kurangura muri iyi minsi isigaye.

Ifatwa ry’iyo ngingo yo guhagarika ibifungurwa bimwe na bimwe vyahora birangurirwa mu ntara zo hagati mu gihugu c’Uburundi, ryaje inyuma y’uko Ibanki nkuru y’igihugu ihagaritse inoti zahora zikoreshwa za 5,000 n’izi 10,000 ikazisubiriza n’izindi zishasha. Hashizweho ingamba zitandukanye kugira ngo ayo mafaranga yahora akoreshwa avanwe mu banyagihugu mu gihe kitarenga iminsi 10 gusa.

Mu nkuru twabagejejeho mu minsi iheze twabasezeranije ko tuzobandanya kubakurikiranira ishirwa mu ngiro ry’ico gikorwa.

Kuri ubu, Ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta, bwatanganje ko iyo ngingo yo guhagarika ivyo bidandazwa iri mu ntumbero yo gukura ayo mafaranga yahagaritswe mu banyagihugu cane cane bo mu ntara za kure barimwo abirimizi.

Umushikiranganji Audace NIYONZIMA atwara ubwo bushikiranganji yabishikirije kuri uyu wa mbere imbere y’abaserukira abanyagihugu mu nama nshingamateka, ubwo yari amaze kubibazwa n’uwurongoye inama nshingamateka.

Ibidandazwa vyabaye bihagaritswe kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika ku rya 20 za kuno kwezi, bigizwe n’ibifungurwa bitabora birimwo umuceri, ibiharage, ibigori, amasaka, ibiyoba n’ubushaza.