HRW Isaba ONU Gufatira Ibihano Abategetsi b'u Rwanda n'Abarwanyi ba M23

Bamwe mu barwanyi ba M23

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryagiriza abarwanyi ba M23 ivyaha bitandukanye birimwo ivyo mu ntambara, gufata abakenyezi ku nguvu n'ubwicanyi ku banyagihugu bo mu buseruko bwa Kongo.

Ishirahamwe Human Rights Watch muri raporo yaryo nshasha ryongeye kwagiriza u Rwanda gushigikira abarwanyi ba M23.

Muri raporo yaryo nshasha, ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko ivyaha ryagiriza abarwanyi ba M23 vyakozwe kuva mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe ko mu 2022.

Iryo shirahamwe ryasavye ONU gufatira ibihano abarwanyi b’umurwi wa M23 n’abategetsi b’u Rwanda

Umushakashatsi wa Human Rights Watch, Clémentine de Montjoye, mu majambo yiwe muri iyo raporo yagize ati: “Ubwicanyi bw’urutavanako n’ugufata ku nguvu abatandukanye bikorwa na M23, biba ahanini kubera abasirikare b’u Rwanda bashigikiye kandi bafasha abarwanyi ba M23.”

Itorororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryabajije Yolande Makolo avugira reta y’u Rwanda ico Kigali ivuga ku vyagiriji vya Human Rights Watch, aca yishura ko “ U Rwanda rutazokwigera ruterwa ubwoba n’ico yise umugambi ugamije kuyovya abantu no gusamaza impande zitandukanye hamwe no kubangamira utwigoro tuganisha ku mahoro arama y’akarere.”

Icegeranyo ca Human Rights Watch kibandanya kivuga ko hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe kwo mu 2022, n’ukwa gatatu kwo mu 2023, iryo shirahamwe hari abaryituye baribwira abantu barenga 10 bishwe bunyamaswa n’abarwanyi ba M23 n’abapfasoni 14 bafashwe ku nguvu n’abo barwanyi. Human Rights Watch ivuga ko muri abo bapfasoni bafashwe ku nguvu hari abakorerwa ayo mabi mu maso y’abashingantahe babo n’abana babo.

Icegeranyo ca Human Rights Watch kiranagaruka ku bitero iryo shirahamwe rivuga ko umurwi w’abarwanyi M23 wagavye mu mihana ibamwo abantu muri Kivu ya Ruguru, vyica kandi vyongera bikomeretsa abasisivile, binasambura n’amabarabara. Human Rights Watch ivuga ko ivyo bitero vyaje bisongera isibe akaga Kongo yari isanzwe irimwo.

Mu mpera z’umwaka uheze, ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, naryo ryari ryavuze ko M23 yishe abanyagihugu bagera ku 170 bo mu kigwati citwa Kishishe. Ico gihe, ishirahamwe Amnesty International riharanira agateka ka zina muntu ryavuze ko abarwanyi ba M23 bafashe ku nguvu abagore bagera kw’icumi.
M23 yama yahakanye ivyagiriji vyo kwica abasivike canke gufata abagore ku nguvu.

Raporo ya HRW ivuga ko hari kandi imirwi irwanya M23 ikorana vya hagufi n’igisirikare ca Kongo yafashe ku nguvu abapfasoni bo muri Kongo. (AFP)