Burundi: Ababangamira Umugambi wo Gusubiriza Inoti z'Ibihumbi 5 na 10 Bashobora Guhanwa

Ishusho y'inoti y'ibihumbi 10 igiye gukoreshwa mu Burundi

Ibanki nkuru ya Republika y'Uburundi, BRB, itangaza ko imaze kugaruza amafaranga menshi cane mu mugambi irimwo wo gusubiriza inoti z'ibihumbi cumi n'ibihumbi bitanu.

Igenekerezo rya 17 uku kwezi, ni ryo sango ntabanduka ryo gukoresha inoti z'ibihumbi 10 n'ibihumbi 5 zahora zikoreshwa muri ico gihugu.

Mu kiganiro Robert Bellarmin Bacinoni ajejwe guhanahana amakuru muri banki nkuru y'Uburundi yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yahumurije abatariko baroroherwa kuguza inoti zigiye gusezererwa mu Burundi na nshasha, yibutsa ko abadandaza banka gufata inoti zigiye kuva kw'isoko bashobora guhanwa, yongera asigura igituma inoti za kera zigiye guhindurwa. Fyonda hasi wumvirize ikiganiro Robert Bellarmin Bacinoni yahaye Ijwi ry'Amerika.

Your browser doesn’t support HTML5

BRB: Amafaranga Amaze Kugaruka Gusubirizwa ni Menshi Cane