Umwe mu Bana Bane Bacumiswe Imbugita mu Bufaransa Araremvye

Ahabereye igitero c'imbuguta mu Bufaransa

Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron n'umutambukanyi wiwe Brigitte bagiye kugarukira imiryango y'abantu baraye bacumiswe imbugita n'umusore w'imyaka 31 mu gisagara ca Annecy.

Prezida Macron na madamu wiwe Brigitte babanje kuja mu gisagara ca Grenoble kiri mu bumanuko bw’Ubufaransa, kw’ivuriro rirwariyeko abana batatu mu basogoswe imbugita ejo ku wa kane.

Abategetsi bo mu Bufaransa bavuze ko abana bane bose bacumiswe imbugita bavuwe babanje kubagwa. Umwe muri abo bana araremvye.

Umwana muto mu bacumiswe imbugita afise amezi 22, babiri bafise imyaka ibiri, uwundi umwe nawe afise imyaka 3. Abasigaye babiri mu basogoswe imbugita barakuze. Mu bakomeretse, harimwo umwe yakomerekejwe n’amasasu abapolisi barashe, bariko kuburizamwo ico gitero.

Babiri mu bana bacumiswe imbugita ni Abafaransa, abandi babiri bari baje gutembera muri ico gihugu barimwo Umwongereza n’uwo mu Buholande.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Elisabeth Borne, yatangaje imyidondoro y’uwacumise abo bantu abasanze muri parike iri mu gisagara ca Annecy, avuga ko ari umugabo w’imyaka 31 akomoka muri Siriya, yahawe ubuhungiro n’igihugu ca Suwede.

Abategetsi bo mu Bufaransa bateye ivyatsi ico gitero bavuga ko ari ikibi kibishe.