Kongo: Ibanki y'Isi Yose Yahagaritse Imfashanyo y'Umuriyari w'Amadorali

Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi

Ibanki y'isi yose yahagaritse imfashanyo y'amafaranga arenga umuriyaridi w'amadorali yari yageneye imigambi itandukanye muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Ibanki y’isi yose ifise icicaro I Washington DC, ivuga ko yahagaritse iyo mfashanyo kubera Kongo yakuyeho, yongera ihindagura imwe mu migambi yari mu masezerano hagati y’izo mpande.

Albert Zeufack aserukira ibanki y’isi yose muri Kongo yemeza ko mu guhagarika iyo migambi no kuyihindagura, reta itigeze ibimenyesha banki, eka ntiyigeze igishwa inama, nkuko Zeufack abandanya kubisigura.

Amafaranga arenga umuriyaridi w’amadorari ibanki y’isi yari yemeye yari gukora mu bisata vy’ubutabazi n’imigambi y’iterambere itandukanye muri Kongo.

Mw’ikete yarungikiye umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta muri Kongo, Ibanki y’isi yose yavuze ko iyi ngingo izogira ingaruka ku banyagihugu bagera ku bihumbi 600. Muri bo harimwo abakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina n’abafashwe ku nguvu.

Muganga Denis Mukwege yigeze kuronswa agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko yakiriye nabi ino nkuru yise mbi cane. Ikigo ciwe “Panzi Foundation” kiri mu vyari kuronswa kuri iyo mfashanyo.

Banki y’isi yose muri iryo kete, ibandanya ivuga ko irindiriye raporo y’ingene imiriyoni 91 z’amadorali yari imaze gutanga mu muriyaridi urenga yemereye Kongo zakoreshejwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Kongo yavuze ko arindiriye uruhusha rwa Prezida Felix Tshisekedi kugira agire ico atangaje. (Reuters)