Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku mpunzi, HCR, gisaba ibihugu bibanyi na Sudani kuguma vyuguruye imbibe ku bantu bahunga intambara yadutse muri Sudani kw’itariki 15 z’uku kwezi kwa kane.
Kuva iyo ntambara itangura hagati y’igisirikare ca Sudani hamwe n’umuhari w’abaparakomando, abanyesudani ibihumbi barataye ingo zabo mu gutinya ko bahasiga ubuzima.
Komiseri mukuru wa HCR, Filippo Grandi, yasubiyemwo akamo katewe n’umunyamabanga mukuru wa ONU yasaba ko intambara zihagarara, abashamiranye bakaganira kugira bagarukane amahoro. Yavuze ko ibi ari nkenerwa kugira abantu ntibasubire guhunga.
Naho agahengwe k’intambara kongerejwe ayandi masaha, habaye gutana mu mitwe i Khartoum no mu ntara ya Darfur y’uburengero kuri uyu wa kane.
HCR ivuga ko abanyesudani hafi 20.000 bahungiye muri Cadi bavuye muri Darfur, imwe mu ntara za Sudani zasinzikajwe n’intambara. Basanzeyo abandi barenga 400.000 bahunze intambara zahitiye.
Anne Kathrin Schaefer, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, yavuze ko benshi mu bariko barashika muri Cadi muri iki gihe bakenye ivya nkenerwa mu kubaho kwa misi yose harimwo ibifungurwa, amazi, n’uburaro.
Kuri uyu wa kane, ONU yasohoye imiriyoni zitatu z’amadolari yo gufasha kwakira izo mpunzi nshasha zashikiye muri Cadi. (VOA News)