Kameruni yongeye kurungika abasirikare bayo ku mipaka na Nijeriya hamwe hamwe na Centrafurika kubera ibitero vy’abarobeli n’intagondwa biguma vyiyongera.
Abanyagihugu baba mu karere k’iyo mipaka bamenyesha ko umutekano wahungabanye cane kuva aho habonekeye agahengwe gake abasirikare bari bajejwe gucungera umutekano waho bakuweyo.
Igisirikare ca Kameruni gitangaza ko hari abanyagihugu amamiliyoni baba muri ako gace bahahamutse cane kubera ibitero vy’abarobeli vyiyongereye kuva mu kwezi kwa mbere.
Igisirakare kivuga kandi ko abagwanyi amaja n’amajana ba Boko Haram bacinyegeje mu mashamba inyuma y’igitero bagize mu ndwi iheze mu gacimbiri ka Mayo Moskota mu buraruko ahari umupaka na Nijeriya. Reta yibutsa ko muri ico gitero amazu amajana n’amajana yaturiwe abantu bagasigara badafise aho bakika umusaya.
Joseph Beti Assomo, umushikiranganji wa Kameruni ajejwe kwivuna abansi, amenyesha ko Prezida Paul Biya yategetse ko muri ino ndwi hakorwa inama y’umutekano vyihuta i Yaounde, kugira bige uko bohagarika ivyo bitero.
Umushikiranganji Assomo atangaza ko ata ndwi ihera ata gitero gikomeye c’intagondwa kigizwe. Yabitangaje mu nama y’umutekano ikomeye yari yitabwemwo n’abayobozi bakuru mu gipolisi. (VOA News