Uburusiya Bwagumije mu Munyororo Umumenyeshamakuru w'Umunyamerika

Umumenyeshamakuru w’Umunyamerika, Evan Gershkovich

Umucamanza mu Burusiya, uno musi ku wa kabiri, yafashe ingingo ko umumenyeshamakuru w’Umunyamerika, Evan Gershkovich ategerezwa kuguma mu munyororo ku vyaha yagirizwa vyo gusuma urusaku.

Gershkovich na Reta ya Amerika bariyamiriza bivuye inyuma ivyaha yagirizwa. Gershkovic, akorera ikimenyeshamakuru The Wall Street Journal, ni we wa mbere w’Umunyamerika apfungiwe mu Burusiya ku vyaha vyo gusuma urusasku kuva ku gihe c’imishamirano hagati ya Amerika n’icahoze citwa ubumwe bw’abasoviyete.

Abamenyeshamakuru isinzi bari batonze muri sentare kugira bibonere n’amaso yabo Gershkovich. Yabonetse atekanye mbere anamwenyura igihe yari mu kibanza yari yugaraniwemwo aho yaboneka ari mu kiyo. Yariko yunguruza kw’ipfungwa ryiwe. Umucamanza muri sentare mu gisagara ca Moscou yanse ivyo Gershkovich yari yasavye ko atoguma apfunzwe. Uwo mucamanza yafashe ingingo y’uko aguma apfunzwe gushika n’imiburiburi kw’itariki 29 y’ukwezi kwa gatanu.

Inteko zijejwe umutekano zapfunze Gershkovich zimufatiye mu gisagara ca Yekaterinburg mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. Zamwagirije ko yariko agerageza kuronka amakuru y’ibanga yerekeye igisata c’igisirikare c’Uburusiya. Yamara we, abamukoresha n’abategetsi ba Reta ya Amerika, barahakana ko hari uruhara yagize mu gusuma urusaku. Bari basavye ko arekurwa. (AP)