Ghana Yemeye Urucanco rwa Malariya Rwakozwe na Kaminuza ya Oxford.

Urucanco rwa Malariya Gana yemeye

Igihugu ca Ghana cabaye ica mbere cemeye urucanco rw’ingwara ya Malaria, rwakozwe na Kaminuza Oxford.

Urwo rucanco rugiye kuba intambwe ya mbere mu nzira yo kugwanya ingwara ya malariya ihitana ubuzima bw’abana ibihumbi amajana n’amajana kira mwaka.

Ingingo yo kwemera urwo rucanco iratangaje kuko rwemejwe kandi rutarasuzumwa neza ubwa nyuma, bifatiye ku kuntu rukora.

Igihe ruzotangura gutangirwa mu gihugu ca Ghana ntikiramenyekana. Amashirahamwe agenduza incanco, arimwo ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho amagara y’abantu, OMS, aracihweza niba urwo rucanco rumeze neza kandi rukora neza.

Ingwara ya malariya iterwa n’umubu, kira mwaka, ihitana ubuzima bw’ abantu barenga ibihumbi 600, bagiwiriyemwo abana.

Adiran Hill ni umushashashatsi akaba n’umuhinga mu vyerekeye ingwara akora muri kaminuza Oxford yo mu gihugu c’Ubwongereza. Yatangaje ko urwego rwo mu gihugu ca Ghana rugenduza imiti n’incanco rwemeye ko abari mu murwi w’abashobora kugeramirwa cane na malariya, barimwo abana bafise amezi atanu gushika ku mezi 36, bashobora guhabwa urwo rucanco. (Reuters)