Abategetsi ba Ukraine, uno musi ku wa gatatu, biyamirije Uburusiya, inyuma y'uko amasanamu ya videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye umuntu afise inyambaro y'igisirikare ariko aca umutwe umuntu afise imyambaro iriko ikimenyetso kigaragara c’imyambaro z'abasirikare ba Ukraine.
Amatororkanirizo y’amakuru atandukanye ntiyashoboye kwemeza buno nyene niba ayo masanamu ya videwo ari ay’ukuri.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu butumwa kuri videwo, yatangaje ko hari ikintu ata muntu n'umwe mu makungu ashobora kwihoza: Ukugene abo yise inyamaswa bica ata kinya bafise.
Zelensky yavuze ko amasanamu ya videwo yerekana igandagurwa ry’UmunyaUkraine yagizwe imbohe, agaca acibwa umutwe. Yatangaje ko amakungu ategerezwa kugira ico akoze.
Umuvugizi wa Reta y’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyehamakuru, uno musi ku wa gatatu ko ayo masanamu ateye agahinda, kandi ko akwiye gusuzumwa kugira bimenyekanye ko ari ay’ukuri.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Dmytro Kuleba, yasubiye kunebagura yivuye inyuma kuba Uburusiya ari bwo buyoboye muri iki gihe urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi. Yavuze ko Uburusiya butegerezwa gutuzwa muri Ukraine no mw’ishirahamwe ONU, bukongera bukishura ku vyaha buriko bukora muri Ukraine.
Mw’ijambo yashikirije mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenksy, yarasavye abanya-Ukraine n’ibihugu bicuditse kudacika inkokora muri iki gihe gihambaye c’intambara. Yavuze ko kubera izo mvo zose, iki atari gihe co kuryama umukondorazosi. (VOA NEWS )