Intumwa za Irani Zashitse muri Arabiya Sawudite Kunagura Imigenderanire

Ministri w’ububanyi wa Irani Hossein Amir-Abdollahian n’uwa Arabia Saoudite Faisal bin Farhan

Urwo rugendo rubaye inyuma y’imisi mike abategetsi ba Arabiya Saudite nabo nyene bagize urundi nk’urwo ku murwa mukuru wa Irani. Ni inyuma kandi y’inama ikomeye yahuje abashikiranganji b’ivyo bihugu bajejwe imigenderanire, yabereye mu Bushinwa. Ico gihe abo bashikiranganji barafashe icemezo ko bagiye kugerageza gutorera umuti uruhagarara ruri mu karere kabo.

Nasser Kanani, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire wa Irani yagize ati: “Intumwa za Irani zigiye gukora ibishoboka vyose kugira ibiro vy’ubuserukizi bwaco I Riyadi n’ivy’abafasha babo hamwe n’ibiro vy’ishirahamwe ry’ibihugu vy’abayisilamu i Jeddah vyose, vyugurugwe.

Reta ya Tehran imenyesha ko umukuru w’igihugu ca Irani, Ebrahim Raisi, yatumiwe kuja muri Arabiya Sawudite. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere agize muri ico gihugu kuva uwahoze ari umukuru w’igihugu Mohammad Khatami agiye muri Arabiya Sawudite mu mwaka w’1999.

Reta y’Arabiya Sawudite yari yahagaritse imigenderanire na Irani mu mwaka wa 2016. Vyari inyuma y’imyiyerekano abanyagihugu ba Irani bagize ku biro vy’ubuserukizi bw’Arabiya Sawudite I Teherani kubera igandagurwa ry’umuyobozi w’ubwoko bw’abayislamu b’abaShiite Nimr al-Nimr muri Saudi Arabiya.

CN