Afrika Imaze Gutakaza Abasirikare Hafi 4.000 muri Somaliya

Abasirikare ba Uganda bo mu nteko z'ubumwe bwa Afrika i Magadishu, muri Somaliya

Abasirikare b’abanyafrika baharurwa mu bihumbi bagiye guharanira amahoro muri Somaliya baramaze kwicwa abandi amajana barakomereka kuva batanguye ibikorwa vyabo mu ntango za 2007. Abo basirikare barungitsweyo gufasha gukingira reta n’inyubako zimwe z’igihugu zari zigeramiwe n’abarwanyi ba al-shabab.

Mohamed El-Amine Souef, intumwa idasanzwe y’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika ajejwe Somaliya, yavuze ko abasirikare hafi 4.000 bamaze kuhasiga ubuzima. Yavuze ko abasirikare barungitswe n’Uburundi hamwe na Uganda aribo bapfuye ku bwinshi.

Ubu nibwo bwa mbere umutegetsi w’ubumwe bwa Afrika avuga ku mugaragaro abasirikare bapfiriye muri Somaliya.

Souef, yavuze ko imiryango y’abasirikare bahapfiriye itararonswa agashumbusho igiye gushirwa imbere igihe cose uburyo bw’amafaranga buzobonekera.

Inteko z’ubumwe bwa Afrika zarafashishe abasirikare ba Somaliya kwirukana abarwanyi ba al-Shabab i Mogadishu mu kwezi kw’indwi 2011. Hari inyuma y’intambara yari imaze imyaka ibiri mu mabarabara yo ku murwa mukuru. Izo nteko nyene zifatanije n’iza reta zarirukanye uwo muhari mu bisagara bikomeye vyo muri ico gihugu. (VOA News)