ONU Isabira Imfashanyo Yihuta Abahuye n'Ingaruko z'Ibihuhusi muri Malawi

Abantu bagendagenda hafi y'amazu yasinzikajwe n'igihuhusi Freddy i Chilobwe, muri Malawi, kw'itariki ya 17/03/2023

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe akora mu bisata bitanga imfashanyo muri Malawi bisaba imiriyoni 70.6 z’amadolari yo kugarukira ku bantu barenga umuriyoni bahuye n’ingaruka z’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Freddy.

Ico gihuhusi caraciye no muri Mozambike na Madagascar, cica abantu amajana n’abarenga 650.000 bakuwe muvyabo mu bumanuko bwa Malawi.

ONU ivuga ko aya mafaranga isaba ari ayo gufasha mu kuronderera uburaro abakuwe muvyabo, kubaronsa ibifungurwa, ibijanye n’amagara yabo, amazi hamwe n’ibijanye n’isuku.

Aya mafaranga aje yiyongera ku zindi miriyoni 45.3 z’amadorari yasabwe mu ntango z’uyu mwaka n’amashirahamwe y’abagiraneza yo kurwanya ikiza ca Kolera cateye muri Malawi. Aciye ashika ku miriyoni 115.9 z’amadorari yose hamwe.

Ico gihuhusi kivanze n’imvura carabomoye ibiraro bitari bike, gica amabarabara, bituma ibice vyinshi bishikwamwo hakoreshejwe ubwato canke indege.

Reta ya Malawi ivuga ko ico gihuhusi kivanze n’imvura cahitanye ubuzima bw’abantu barenga 676, kandi ico gitigiri gishobora kuzorenga na nyaburya hari abarenga 600 batazwi irengero