Abimba inzahabu 15 bo muri komine ya Mabayi mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero baguweko n'umusozi. 13 muri bo batowe ibiziga bakaba bafubwe ku wa Mungu w'indwi iheze. Ibindi biziga bibiri ntibiratorwa.
Musitanteri wa Mabayi ahanura abimvyi b'inzahabu kwirinda gukora ico gikorwa cane cane igihe haba haguye imvura nyinshi akongera agahamagarira abakoresha babo kubaronderera ubwishingizi.
Abo bimvyi b’inzahabu bapfuye mw' ijoro ry'uwa gatanu rishira uwa gatandatu. Baguye mu binogo bibiri ahitwa Gafumbegeti. Ni muri zone Butahana muri komine Mabayi, mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw' Uburundi .
Kubw' amasoko y’Ijwi ry’Amerika, vyatewe n’imvura nyishi yaguye muri ako gace yatumye uruzi Rugogo ruhegereye rwuzura rurata inzira. Amazi yarwo yaciye ahusha inzira asenderana yisuka mu birombwe vyarimwo abimba inzahabu . Mu kinogo ca mbere harimwo abacukura inzahabu cumi n'umwe, ica kabiri carimwo bane. Bapfiriyemwo bose, nk' uko amasoko yacu abivuga.
Mu buraruko bushira uburengero no mu buraruko bushira ubuseruko, uduce tubiri turimwo ubutare bwinshi butandukanye mu Burundi, amasanganya mwene ayo arakunda kwibonekeza. Abimba inzahabu mu kinyegero cane cane bahitamwo gukora mw' ijoro kugira binyegeze abajejwe intwaro, bagacukura mu binogo binjiramwo ata gikoresho bafise na kimwe co kwikingira. Intara ya Cibitoke ni yo ikunze kuvugwamwo benshi mu bahitanwa nayo masanganya kurusha izindi.
Fyonda munsi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry’Amerika.
Your browser doesn’t support HTML5