Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryakajije amategeko yo kunganisha imishahara y'abagore n'abagabo.
Amategeko yatowe n’inama nshingamateka y’iryo shirahamwe uno musi ategeka abikorera utwabo gushira ahabona imishahara y’abakozi babo mu ntumbero yo kunganisha imishahara y’abagabo n’abagore.
Ayo mategeko mashasha ategekanya ibihano ku bakoresha bazosumbanisha imishahara y’abakozi bakora akazi kamwe. Amategeko mashasha aratomora kandi ko abakozi bafise uburenganzira bwo kubaza amakuru ajanye n’imishahara ya bagenzi babo.
Itangazo ryasohowe n’inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ryavuze ko ata banga rikibayeho mu vy’imishara. Abakozi bibaza ko barenganijwe basabwa kwitwara, bagashumbushwa.
Ivyigwa vyashizwe ahabona mu 2020 vyerekana ko mu bihugu 27 bigize ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, umushahara w’umugore ugabanuka kugera ku bice 13 kw’ijana, ugereranije n’uw’umugabo bakora akazi kamwe.
Mu Bufaransa, umushahara w'umugabo akenshi usumba uw'umugore ibice hafi 16 kw’ijana. Mu Budagi uwo mushahara uwusumba hafi ibice 19, mu gihe muri Latvia uwusumba ibice 22 kw’ijana.
Imbere y’uko aya mategeko avanaho ubusumbasumbane bw’imishahara hagati y’abagore n’abagabo atangura gushirwa mu ngiro, azobanza gusinywa n’abatergetsi b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya, hama abone gushirwa mu ngiro mu bihugu bitandukanye vy'uwo muryango.