Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa gatatu yatanguje inama igira kabiri ihariwe kwiga ikibazo ca demokarasi kw’isi. Yemeye ko Reta zunze ubumwe za Amerika izokoresha imiriyoni 690 z’amadorari mu mwaka uza yo gukomeza porogaramu za demokarasi kw’isi.
Perezidanse y’Amerika, White House, yavuze ko Amerika yipfuza ko tekinolojiya ikoreshwa mu guteza imbere demokarasi. Muri iyo nama, abashikiranganji ba mbere b’ibihugu umunani vya Buraya basinye ikete rigenewe abakuru b’amakompanyi y’imbuga ngurukanabumenyi. Babasavye kuza barahagarika ikwirakwira ry’amakuru y’ibinyoma aca ku mbuga barongoye.
Abategetsi basinye iryo kete ni abo muri Ukraine, Moldaviya, Polonye, Repuburika ya Cekoslovakiya, Estoniya, Latviya, Lituwaniya, na Slovakiya.
Iyi nama yo guhagurukira demokarasi yatunganijwe na Amerika ibaye mu gihe za reta Amerika ivuga ko atwaza igitugu ariko arahabwa urubuga rwo kwigisha imigambi yayo. Atanga akarorero ku Burusiya bumaze amezi 13 bwarateye Ukraine, hamwe n’Ubushinwa bicuditse.
Perezidanse y’Amerika yavuze ko mu gihe ayo mafaranga yoramuka yemewe n’abashingamateka, azokoreshwa muri porogaramu zishigikira ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru. Azokora kandi no kurwanya ibiturire, guharanira agateka ka muntu, guteza imbere tekinolojiya iteza imbere demokarasi no gushigikira amatora atawo akumira. (VOA News)