Amerika Iremeza ko Rusesabagina Ageze muri Katari

USA-BIDEN/

Uwuhagarariye ibikorwa vy’ubuhanuzi mu bijanye n’umutekano muri perezidanse ya Amerika, White House, John Kirby, yemeje ko Paul Rusesabagina yavuye mu Rwanda kandi ubu ari i Doha muri Katari.

Yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere ko Rusesabagina vuba agiye guca agaruka muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Yavuze ko umuryango wiwe umurindiranye igishika cinshi.