Kotedivuwari, ejo ku musi wa kane, yaratahanye abanyagihugu bayo bagera hafi y'amajana atatu bavanywe muri Tuniziya. Abo bumvaga ko bumva ko umutekano wabo utacubahirijwe inyuma y’uko prezida wa Tuniziya, Kais Saied, atangaje ko abo bimukira ari ikibazo ku banyagihugu.
Ambasaderi wa Kotedivuwari i Tunis, Ibrahim Sy Savane, yatangaje ko abantu 287, harimwo inzoya 21, batahanywe ku murwa mukuru w’ubutunzi, Abidjan mu ndege bari bakodesheje indege zitwara abantu z’igihugu ca Etiyopiya,.
Savane yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, Agence France Presse, AFP, mu mpfunyapfunyo ko muri rusangi, Abanyakotedivuwari 1,053 bamaze gutahukanwa mu gihugu cabo bavanywe muri Tuniziya mu ndege zikodeshejwe kuva mu ntango z’uku kwezi kwa gatatu.
Prezida wa Tuniziya, Kais Saied, kw’itariki 21 y’ukwezi kwa kabiri, yaragirije abimukira baturuka mu karere ko musi y’ubugaragwa bwa Sahara ko batera uruhagarara kandi bakora ivyaha bitari bike. Yavuze ko imigambi y’abo bimukira, ari uguhindura ubwoko bw’abantu baba muri Tuniziya, hamwe no gutandukanya ico gihugu n’ibindi bihugu vy’Abayisalamu n’Abarabu. (AFRICANEWS)