Abahinga muvy’ubutunzi bavuga ko amatoni y’ingano zashitse muri Kenya muri iyi ndwi zivuye muri Ukraine bizofasha kugabanya inzara no gukorora ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze.
Amatoni ibihumbi mirongo itatu y’ingano niyo yashitse muri Kenya ku musi wa mbere, kubw’amasezerano yabaye hagati ya Ukraine n’Uburusiya bifashijwemwo na ONU. Uburusiya bwaremeye kutazozibira amato akura ingano ku bivuko vya Ukraine. Ariko perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yaragabishije ko igihugu ciwe gishobora kuzoyadohokamwo mu misi 60.
Ibirimwa hamwe n’ibindi bidandazwa Ukraine ishora mu makungu vyarahungabanijwe kuva Uburusiya butanguza ico bwise ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare. Ibihugu bitari bike vyo ku mugabane wa Afrika vyaronka ivyimburwa vy’intete n’ingano ivuye muri Ukraine vyarahuye n’ubukene bw’ibifungurwa hamwe n’iduga ry’ibiciro.
Imbere y’intambara, Kenya yarangurira muri Ukraine imiriyoni 2.4 z’amatoni y’ingano buri mwaka.
Porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa, PAM, ivuga ko ihungabana ry’ibifungurwa vyahora biva muri Ukraine n’Uburusiya ryashize abantu bangana imiriyoni 345 mu bukene bw’ibifungurwa (VOA News)