USA Igabisha Uganda Ihanganye n'Abatinganyi

Karine Jean-Pierre, umuvugizi wa prezidansi y'Amerika

Umuvugizi w'ibiro vya Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Maison Blanche, Karine Jean-Pierre, ejo ku musi wa gatatu, yaratangaje ko itegeko rirwanya abaryamana n’abo basangiye igitsina, riherutse kwemezwa n'inama nshingamateka ya Uganda, ari rimwe mu mategeko akabije cane kw'isi akandamiza abakundana n’abo basangiye igitsina.

Reta ya Amerika kandi yagabishije ko ishobora kuzofatira ibihano vy’ubutunzi Reta ya Uganda n’iyo iryo tegeko rija mu ngiro. Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryasubiyemwo, John Kirby, umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano w’igihugu amenyesha ko bazokwihweza niba hari ingaruka mbi zishobora guterwa n’iryo tegeko mu gihe ryokwemezwa, rigashirwa mu ngiro.

Inama nshingamateka ya Uganda, ku musi wa kabiri, yaremeje itegeko rivuga ko kuryamana n’uwo musangiye igitsina ari icaha. Iryo tegeko riratunga ubutegetsi burengeye bwo gukwirikirana Abanyayuganda baryamana n’abo basangiye igitsina bari basanzwe bakumirwa n’amategeko kandi batotezwa n’ababazira.

Frank Mugisha, umwe mu Banyayuganda bari ku rushi batanyegeza ko bakundana n’abo basangiye igitsina yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko afise ubwoba ko itegeko rishasha rihana abaryamana n’abo basangiye igitsina rizotuma bahagarikwa ikivunga kandi batotezwa n’abadakunda iyo migenzo. Yamenyesheje ko abakundana n’abo basangiye igitsina bazotinya kuja
mu mavuriro kwivuza, bazohahamuka, kandi ko ibibazo bazogira vyo mu mutwe bizotuma abatari bake biyahura. (Reuters)