Kenya: Raila Odinga Ahamagarira Imyiyerekano kw'Iduga ry'Ibiciro

Raila Odinga, atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Kenya i Mathare

Igiporisi muri Kenya kuri uyu w’Imana cankiye abatavugarumwe n’ubutegetsi gutunganya imyiyerekano yiyamiriza iduga ry’ibiciro vy’ibidandazwa mu gihugu. Kivuga ko gusaba uruhusha rwo gutunganya iyo myiyerekano bitabaye kare, ariko abayiteguye bavuga ko ata nkeka bazoyikora.

Raila Odinga, arongoye umugambwe, Azimio la Umoja, yahamagariye abanywanyi biwe mu myiyerekano kuri uyu wa mbere i Nairobi, kubw’iduga ry’ibiciro ryarenze urugero. Mu kwezi kwa kabiri yavuze ko vyaduze gushika ku bice 9.2 kw’ijana, muri ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko.

Odinga yavuze kandi ko yibwe amajwi mu matora yo mu mwaka uheze, yemeza ko reta ya Prezida William Ruto itemewe n'amategeko.

Umukuru w’igiporisi i Nairobi, Adamson Bungei, yavuze kuri uyu w’Imana ko igiporisi caronse urwete rusaba imyiyerekano ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu no mu gatondo ko kuri uyu w’Imana. Yavuze ko gutunganya imyiyerekano nk'iyo bisabwa imisi itatu imbere.

Abayiteguye bategekanya kuzoyikorera hafi ya perezidanze ya Kenya.