Afurika y'Epfo na Tanzaniya mu Nzira yo Gukorera Hamwe mu vy'Umutekano n'Ubudandaji

Prezida wa Tanzaniya kumwe na mugenzi wiwe wa Afurika y'Epfo

Umupfasoni arongoye igihugu ca Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan ari mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika y’epfo. Yasabye ko ibihugu vyombi vyokorera hamwe mu vyerekeye umutekano n’ubudandaji.

Prezida Samia Suluhu Hassan yabonanye na Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Rmaphosa ku murwa mukuru Pretoria uyu musi ku wa kane. Abashikiranganji biwe bagendanye bayaze na bagenzi babo b’Afrika y’epfo, ku bibazo n’amasezerano mu vyerekeye ubudandanji.

Urwo rubaye urugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika y’epfo kuva abaye prezida wa Tanzaniya, inyuma y’aho nyakwigendera yasubiriye, John Magufulo, yitabiye umuremyi mu 2021.

Prezida Hassan yagize ati: “Twapfunditse amasezerano yo kunagura cane ubudandaji hamwe n’ikoreshwa ry’imitahe kuko Afrika y’epfo ari kimwe mu bihugu bifise imitahe myinshi muri Tanzaniya. Yavuze kandi ko igisata c’ingenzi hamwe n’amahinguriro biri mu bintu vya mbere bizana imitahe ikomeye.

Prezida Ramaphosa w’Afrika y’Epfo yavuze ko urugero rw’ubudandaji hagati y’ibihugu vyompi rwabandanije kwiyongera, yamara rugikeneye kunagurwa kurushiriza.