Uburusiya Bugiye Kwubaka Ikambi ya Gisirikare muri Sudani

Reta ya Sudani ivuga ko yiteguriye kwemerera Uburusiya kwubaka ikambi ya gisirikare muri ico gihugu naho imwe mu migwi itavuga rumwe na reta hamwe na bamwe mu bayobozi batabishigikiye.

Ikivuko ca Sudani caravuzweko cane mu kwezi kwa kabiri aho umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Sergey Lavrov, yagendera ico gihugu.

Muri urwo rugendo ni ho umusirikare mukuru yayoboye kudeta muri 2021 yaciye amwemerera ku mugaragaro ko Uburusiya bwoshira ikambi y’abasirikare bagwanira mu mazi muri ico gisagara. Ibihugu vyo mu burengero bw’isi ntivyishimiye uwo mugambi.

Ico kivuko ca Sudani gifise uruhara n’akamaro kanini mw’ibahari itukura, ku bihugu vyo mu karere no ku vyo kw’isi muri rusange. Ico kivuko gitanga inzira ku muhora wa Suez ugana muri Misiri.

Naho biri uko, abayobozi b’amoko muri ico gihugu basanzwe bafise ijambo rikomeye mu karere k’ikivuko c’ibahari itukura, ntibashimishwa n’iyo ngingo.

Igihugu ca Sudani gisanzwe gifise imigenderanire ikomeye n’Uburusiya hamwe na Wagner Group, umugwi w’abasirikare bigenga. Amakuru atangazwa avuga ko uwo mugwi ushobora kuba ukorana n’uwo musirikare ayoboye igihugu mw’ihanahana bagirana ry’inzahabu n’ibirwanisho. (VOA News)