Nijeriya: Umugambwe Labour Party Ntiwemera ko Watsinzwe

Prezida Bola Tinubu, yatahukanye intsinzi mu matora yo muri Nijeriya, Abuja, kw'itariki ya 1-3-2023

Muri Nijeriya, abakandida bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bitoje mu kibanza c’umukuru w’ibihugu bavuga ko batemera ivyatangajwe ko umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi ari we yatsinze.

Umugambwe w’abakozi, Labour Party, watunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu umenyesha ko utemera ivyavuzwe vyavuye mu matora. Hari haheze amasaha komisiyo itunganya amatora itangaje ko Bola Ahmed Tinubu, wo mu mugambwe uri ku butegetsi, All Progressives Congress party, yatsinze.

Indorerezi mvamakungu zavuze ko ayo matora yatanguye atevye kandi yarimwo ibibazo cane cane bijanye n’imashini zo gutoreramwo mu gihugu cose.

Hari amakuru kandi avugwa y’ibikorwa vyo guhohotera abantu, no kubapfunga vyibonekeje.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi isaba ko amajwi yongera gusubirwamwo guharurwa. Ariko abasesenguzi mu vya poritike bavuga ko ivyo bishoboka mu gihe hotangwa ivyemeza bifadika kandi bikwiye vyoshobora gutuma hari igihinduka kinini mu majwi.

Ibiharuro bitangwa na komisiyo y’amatora vyerekana ko Bola Ahmed Tinubu yatahukanye amajwi hafi imiriyoni 8.8, akurikirwa n’umukandida w’umugambwe PDP, Atiku Abubakar ku majwi hafi imiriyoni indwi na Peter Obi ku majwi hafi imiriyoni zitandatu (VOA News).