Prezida wa Ukraine Avuga ko Bigoye ko Uburusiya Butsindwa

Prezida wa Ukraine n'uw'Uburusiya

I Munich mu Budagi, hariko harabera inama mpuzamakungu ku vy’umutekano. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, ari mu bayitabiriye akoresheje ubuhinga bwa none.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije kuri videwo, Prezida Volodymyr Zelenskyy yasavye indongozi z’isi kwihutisha umugambi wo gushigikira igihugu ciwe mu vya gisirikare.

Yagize ati: “ Ni ngombwa ko twihuta. Ni ngombwa ko tunyarutsa gushira mu ngiro amasezerano yo kudufasha mu vya gisirikare, tukaronka ibirwanisho vyo kuburizamwo inguvu z’Uburusiya. Agakiza k’igihugu cacu kari mu kwihutisha umugambi wo kudutabara. ”

Mu ndwi imwe rudende, umwaka uzoba urumanye Uburusiya butanguye gutera Ukraine. Biri uko mu gihe ata kimenyetso c’ugucureha kw’intambara cibonekeza hagati y’ivyo bihugu bibiri: Amakungu arimwo na Ukraine ubwayo akeka ko igenekerezo rya 24 uku kwezi, kw'isabukuru y’umwaka umwe w’intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine, Uburusiya buzogaba inmvura y’ibitero ku butaka bwa Ukraine.

Hagati aho, abahinga basanga amahirwe yo guheza iyo ntambara biciye mu nzira ya kidiplomasiya atera agabanuka.

Prezida wa Ukraine mw’ijambo ryiwe yagize ati: “ Uko biri, biragoye kwizera ko Ukraine izotahukana intsinzi. Ukraine si yo ya nyuma Uburusiya busotoye. Putin azobandanya atera n’ibindi bihugu.”

Chanseriyeri w’Ubudagi yemereye prezida wa Ukraine ko igihugu ciwe kizobandanya gutanga imfashanyo zaba iza gisirikare, iz’amafaranga n’ubundi butabazi igihe cose bizoba ari ngombwa. Uwo mutegetsi w’Ubudagi yasavye ibihugu vyose bibishoboye gufashisha Ukraine ibiduga vy’intambara.

Ubushikiranganji bwo kwivuna umwansi mu Bwongereza nabwo bwemeje ko amakuru bukura mu masoko yabwo yo mu Burusiya yerekana ko kuva intambara y’Uburusiya na Ukraine yaduka, ingabo z’Uburusiya ziri hagati y’ibihumbi 40 n'ibihumbi 60 ari zo zimaze kurwa ku rugamba, mu gihe abamaze gukomeraka bari hagati y’ibihumbi 175 n’ibihumbi 200.