Uburundi Bwiyamirije Itangazo rya USA Riburira ku Kibazo c'Umutekano Muke

Martin Ninteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano mu Burundi.

Uburundi bwagize ico bushikiriza ku makenga ya Amerika ko hari ibice vy’Uburundi bishobora kubangamirwa n’umutekano umwanya n’umwanya.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano muri ico gihugu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yatangaje ko abashikiriza ayo makuru ari abashaka guca ivutu abarundi, agahumuriza ko umutekano w’igihugu ucungerewe neza.

Reta y’Uburundi yatangaje ko amahoro n’umutekano vyifashe neza mu gihugu cose kandi ko ata mpungenge ko hashobora kuba ibitero vy’abagizi ba nabi zihari.

Ivyo Uburundi bubivuze inyuma y’aho ubuserukizi bwa Amerika muri ico gihugu buburiye Abanyamerika ko bokwigengesera ndetse bakirinda kuja mu bibanza bimwe bimwe kubera amakuru ubwo buserukizi bufise ko umutekano ushobora guhungabana umwanya uwariwo wose.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Martin Ninteretse yavuze ko ashatse gutanga umuco inyuma y’ivyo Amerika yashikirije.

Muri iryo tangazo ry’Ubuserukizi bwa Amerika n’ubu rikiri ku rubuga ngurukana bumenyi bw’ubwo buserukizi, riburira abanyamerika ndetse n’abandi banyamahanga ko bokwirinda gutembera mw’ijoro, kuja mu bibanza bimwe bimwe nk’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, mu ntara za Cibitoke, Bubanza na Muramvya ndetse n’ahegereye ishamba cimeza rya Kibira.

Umushikiranganji Martin Ninteretse yavuze ko ubwo buserukizi butarashikiriza ayo makenga reta y’Uburundi ku mugaragaro. Arahumuriza ko ivyo bice vy’igihugu ata makenga biteye.

Uburundi busigura ko abashikiriza ayo makenga bafise umugambi wo gucafuza igihugu. Amerika yoyo yavuniye akagohe abayo baba mu Burundi ko ubugizi bwa nabi bushobora gukorwa, hisunzwe amatohoza yakozwe n’inzego z’iperereza rya Amerika ari: Ubwicanyi, kunyuruza abantu, kwiba imodoka, ibitero vy’ibisasu, ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho n’ibindi.

Amerika iti “n’imipaka ishobora kugarwa atawubimenyeshejwe imbere y’igihe”.

Bamwe mu bahinga mu vyerekeye umutekano no kurwanya ibirwanisho bito bito bitembera mu banyagihugu mu karere k’ibiyaga binini babona ko Uburundi butari bukwiye gufata minenerwe ako kagohe Amerika yavuniye abayo.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwemeye ko inzego z’umutekano zigiye gukurikirana neza ayo makuru y’uko umutekano ushobora guhungabana.

Uburundi bushimangira ko icerekana ko umutekano uhari mu gihugu ari ama nama atandukanye buheruka kwakira nk’iyahuje abakuru b’ibihugu 7 bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko aho 6 muri abo bitabiriye iyo nama yabereye I Bujumbura ku murwa mukuru w’Ubutunzi.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Ntibwemeranya na Amerika ku Kibazo c'Umutekano muri ico Gihugu