Uganda: Ikibazo c'Ihohoterwa Rikorerwa Abaharanira Agateka ka Zina Muntu

Bobi Wine atavuga rumwe na reta ya Uganda

Abaharanira agateka ka muntu bariko barasaba abategetsi ba Reta ya Uganda kubuza abajejwe umutekano kubandanya bafata abanyagihugu bunyamaswa. Ni inyuma y'uko umunyagihugu yitwa, Eric Mwesigwa, ashigikiye umunyapolitike atavuga rumwe na reta, aburiwe irengero ritari agasubira kuboneka afise ibikomere mu gikaraza.

Eric Mwesigwa yatangaje ko abajejwe umutekano bamuboreje igufa; ibirego umuvugizi w’igisirikare yateye ivyatsi mw’itangazo ryavuze ko Mwesigwa atari mu minwe y’inzego zijejwe umutekano.

Iryo tangaza ryashavuje bamwe babonye ko ari ikimenyetso co kudahana mu gihe ibirego vyo gukubagura abanyagihugu bibandanya kugaragazwa muri Uganda.

Eric Mwesigwa, ashigikiye Bobi Wine, umunyapolitike atavuga rumwe n reta, yaratangaje mu ntango z’iyi ndwi ko ibintu biturira vyashizwe ku mubiri wiwe, bica bituma agira ibikomere 2 mu gikiriza ciwe. Ibirego vyiwe vy’uko yakubaguwe, vyaremejwe na Bobi Wine ku rubuga Twitter. Bobi Wine yamenyesheje ko abajejwe bafashe bunyamaswa Mwesigwa bashaka kumenya imigambi yiwe bavuga ko ari iyo gutembagaza reta.

Ibirego vy’uko abajejwe umutekano bafata bunyamaswa abanyagihugu muri Uganda si ibintu bishasha. Uno musi ku wa kane Abanyayuganda bibutse urupfu rw’umusenyeri mukuru w’idini ry’aba Anglikani, Janani Luwum, yavugira abanyagihugu bakubagurwa, yagandaguwe inyuma y’uko abajejwe umutekano

bamuboreje igufa mu mwaka w’i 1977. Hari ku gihe c’intwaro y’umutegetsi yatwaza agahotoro w’ico gihe, Idi Amin Dada. Bobi Wine yatangaje ko benshi mu bamushigikiye bakubaguwe igihe batabwa mu mvuto, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabayemwo amahinyu muri Uganda, mu mwaka w’i 2021. (AP)