Uganda Ntiyiteguye Kuzongera Manda Ibiro vya ONU vy'Agateka ka Muntu

Abamenyeshamakuru hamwe n'abaharanira agateka ka muntu barwana n'igiporisi i Kampala, muri Uganda,

Reta ya Uganda yatangaje ko izokwugara mu mpera z'uyu mwaka ibiro vy'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishinzwe uburenganzira bwa muntu.

Mu rwandiko yandikiye ibiro vya ONU bishinzwe uburenganzira bwa muntu vy’i Kampala, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Uganda n’amakungu buvuga ko “inzego z’uburenganzira bwite za Uganda zimaze kugira inguvu zihagije, gurtyo ko zishoboye kwigenzurira ubwazo ibibazo birabana n’uburenganzira bwa muntu, kubukingira no kubuteza imbere.”

Uganda ivuga ko kubw’iyo mpamvu itazovugurura amasezerano n’ibiro vy'ishami rya ONU rishinzwe uburenganzira bwa muntu azorangirana n’uyu mwaka.

Ishami rya ONU ry’agateka ka muntu ryashinze ibiro muri Uganda mu 2005. Vyari bishinzwe ubwa mbere kuraba uburaruko bw’ibihugu hari hakiri intambara.

Mu 2009, manda yavyo yaragutse noneho bitangira kuraba igihugu cose, n’ibibazo vyose birebana n’uburenganzira bwa muntu. (VOA News/Reuters)