Prezida Biden Ariyaha ko Yateje Imbere Ubutunzi muri Amerika

Prezida Biden ashikiriza ijambo abanyamerika.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden, kuri uyu wa kabiri yarashikirije ijambo abanyamerika n’amakungu ryiswe State of the Union. Muri iri jambo ngarukamwaka imbere ya kongres ikoranye ryabaye irigira kabiri ashikirije kuva ashika ku butegetsi.

Ijambo ryiwe ryashimikiye kuri politike yiwe muvy’ubutunzi, aho yahamagaye abarepubulikani batavuga rumwe gukorera hamwe. Yagize ati: “Haraheze imyaka ibiri Covid ihagaritse ibikorwa vy’ubudandaji, amashure arugarwa, iradusahura cane. Ati ubu ntikigenzura ubuzima bwacu”

Yongeye ati: “Mu myaka ibiri iheze ubutunzi bwari bwasubiye inyuma ariko ubu Amerika yaronkeje ubuzi imiriyoni 12 z’abanyamerika.

Imyaka ibiri irangiye niyo Amerika yatanze ubuzi bwinshi kurusha imyaka ine iheze. Mu myaka ibiri iheze demokarasi yari yanigiwe mu menshi ubu abari babigerageje baratururujwe.

Prezida Biden yabwiye abarepublikani biganje mu nama nshingamateka ko hari amategeko bashoboye gukorera hamwe nk’iryerekeye gusanura inyubako zishaje, gufasha Ukraine no gukingira ababana bahuje ibitsina.

Yavuze ko politike yiwe muvy’ubutunzi yashize inguvu kurusha mu gushira imitahe mu bice n’abantu bibagiwe.