Ibikorwa vyo kurondera ababomokeweko n’inyubakwa zasenyuwe na nyamugigima muri Siriya na Turukiya birabandanya.
Ibiharuro vya nyuma vyatanzwe n’abategetsi ba Turukiya na Siriya vyerekana ko abamaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima ikaze y’ejo ku wa mbere muri rusangi nbarenze 5000.
Ku ruhande rwa Turukiya, abahitanywe n'iyo nyamugigima bababa 3500, abamaze gukomereka bakarenga ibihumbi 15, abamaze gutabarwa nabo bakaba barenze 7800.
Ibitigiri vy’abataramenyekana irengero muri Turukiya ntibiratangazwa. Inzu n’inyubakwa zasenyaguritse n’imiburiburi ni 6200. Muri zo, harimwo inyubakwa ndangakaranga n’iz’ivyibutso bitandukanye vya Turukiya.
Abanyagihugu bari muri Turukiya bavuganye n’ibisata bitandukanye vy’Ijwi ry’Amerika birimwo igisata c’igisomali bemeje ko batorohewe. Umwe muri bo yagize ati: “ Turacari hanze ntiturashobora gusubira mu nzu. Biragoye kuguma hanze, harakanye cane, hariko harwa imvura nyinshi, hari umuyaga mwinshi, abenshi muri twebwe ntibafise ico bifuka kuko basohotse bambaye impuzu bari baryamanye nyamugigima itangura. Hari n’abadafise ibirato… batubujije gusubira mu nzu kubera ubwoba bwa nyamugigima ishobora gusubira. Ivyo turimwo ni agahinda.”
Prezida wa Turukiya yatangaje ikiriyo c’iminsi indwi.
Ku ruhande rwa Siriya, abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo nyamugigima ni n’imiburiburi 1600, abakomeretse bagera ku 3500.
Abatandukanye bakomeje guhoza abanyagihugu ba Turukiya na Siriya mu bihe bitaboroheye, no kurungika imfashanyo muri ivyo bihugu: Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu citaho amagara y’abantu, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ONU yarungitse indege zirimwo imiti, kandi yemera ko iryo shirahamwe rizobandanya rifasha ivyo bihugu kongera kwiyubaka.
Prezida w’Uburundi, Evarsite Ndayishimiye, n’uw’u Rwanda, Paul Kagame, nabo nyene bari mu bahojeje abanyagihugu ba Turukiya na Siriya.
Turukiya na Siriya twibutse ko ari ibihugu bibiri bihana imbibe. Turukiya iri mu bihugu bikunze kubangamirwa na nyamugigima: Mu 1999, abagera ku bihumbi 17 barahitanywe na nyamugigima yari ku muvuduko wa manyitide 7.4.
Hagati aho, umukinyi w’umupira w’amaguru Christian Atsu, akomoka muri Ghana akaba yahoze akinira ikipe za Chelsea na Newcastle zo mu Bwongereza ari amahoro: Bamusanze agihema aho yari yabomokeweko n’inyubakwa. Uwo mukinyi w’imyaka 31 aba muri Turukiya kuva mu kwezi kw’icenda aho yagiye gukinira ikipe yo muri ico gihugu yitwa Hatayspor.