Irani Yagiriza Isirayeri Kuyigabako Ibitero vy'Indege

Irani yegetse kuri Isirayeri ibitero vy’utudege tutagira umudereva (Drone), vyagabwe ku wa gatandatu ku butaka bwayo.

Ikete ubuserukizi bwa Irani mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, bwashize ku rubuga rwayo rwa interneti rivuga ko Isirayeri iri inyuma y’ico yise “ Agasomborotso” kayikozweko ku wa gatandatu.

Ibitero vy’indege zitagira umudereva vyagabwe ku munsi wa gatandatu mu gisaragara citwa Isfahan, kiri hagati mu gihugu muri Irani.

Ikete ry’ubuserukizi bwa Irani muri ONU nta vyemezo vy’uko Isirayeri iri inyuma y’ivyo bitero ryerekanye. Ryasiguye gusa ko indege zitagira umudereva zateye ahari ikirindiro ca gisirikare zari zitatu, kandi ko zibiri muri izo Irani yazirashe.

Ubushikiraganji bwo kwivuna abansi muri Irani bwemeza ko ico gitero cononye inyubakwa y’ahari ikirindiro ca gisirikare. Ntaco Isirayeri iravuga kuri ino nkuru. Gusa, muri kahise yigeze kuba igaba ibitero ahakorerwa ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri muri ico gihugu.