ADF Wagirizwa Kwica Abasivile 15 mu Buseruko bwa RDC

Abakozi ba Croix rouge bariko baratora ibiziga vyishwe na ADF mu ntara ya Beni, kw'itariki ya 18/02/2020.

Ibitero vyabaye mu mihana y’abanyagihugu mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, vyegekwa ku muhari w’iterabwoba ADF vyahitanye abasivile 15 ejo ku musi w’Imana.

Ubu bwicanyi bubaye hari haheze indwi igitero gisa nk’ico gihitanye abantu barenga 20.

Umutegetsi wo mu butegetsi bwo hasi muri ako karere, Dieudonne Malangai yavuze ko ivyo bitero vyabaye mu masaha yo hagati ya sa kumi na sa kumi n’imwe z’agatondo mu mitumba itatu y’abanyagihugu.

Uwo mutegetsi yavuze ko abantu indwi biciwe mu mihana y’i Manyala, abandi umunani barimwo abagore indwi bicirwa i Ofay. Yavuze kandi ko ivyo bitigiri bishobora kuba birenga ivyo.

ADF yagirizwa kandi igitero co mu ndwi y’imbere y’aho mu ntara ya Kivu y’uburaruko, cahitanye ubuzima bw’abantu bashika 23. Ni mu gihe muri iyo ntara nyene abandi bantu 14 bishwe na bombe yatewe mw’isengero ry’abapantekote. (AFP)