Irani yafatiye ibihano kuri uyu wa gatatu abantu 34 n’amashirahamwe yo mu bumwe bwa Buraya n’Ubwongereza. Ni mu kwihora ibihano nk’ivyo vyafatiwe ico gihugu ku musi wa mbere kubera gukubagura abakoze imyiyerekano.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Irani bwavuze ko ibihano vyafashwe na Irani birimwo kuzibira amakonte y’abo banyaburaya no kubabuza guhanahana amafaranga biciye mu mabanki yo muri Irani hamwe no kubima amaviza yo kwinjira mu gihugu.
Irani yagiriza abo bantu hamwe n’ayo mashirahamwe gufasha iterabwoba n’imihari y’iterabwoba. Bagirizwa kandi guhamagarira gukora ibikorwa vy’iterabwoba no kwica abanyagihugu ba Irani. Ikindi bagirizwa n’ukwivanga muvy’igihugu no gukwirakwiza amakuru y’ibinyoma kuri Irani.
Ubumwe bwa Buraya bwavuze ko ibi bihano vya Irani bishingiye ku mvo za politike ariko ko ivy’abanyaburaya vyafashwe vyisunze amategeko n’ibibera ku rubuga.
Abantu Irani yafatiye ibihano barimwo abamuka mu bihugu biri mw’ishirahamwe rya Buraya, abandi icenda mu Bwongereza.
Ubumwe bwa Buraya ku musi wa mbere bwarafashe ibihano kuri Irani ku ncuro ya kane kuva imyiyerekano itangura. Vyafatiwe abandi bategetsi 37 n’amashirahamwe. Amatungo bafitiye mu Buraya yarafashwe.
Kuri uyo musi nyene Ubwongereza bwarahanye abandi bategetsi batanu ba Irani bagirizwa kubangamira imyiyerekano.