Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ko yagavye igitero c’indege gishasha kuri al-Shabab muri Somaliya kw’itariki ya 23 z’ukwa mbere, yica abarwanyi babiri.
Igisirikare ca Amerika kiri ku mugabane wa Afrika, kizwi nka AFRICOM, cavuze ko ico gitero cakozwe bisabwe na reta ya Somaliya. Cabereye yafi y’igisagara ca Harardhere, kiri ku birometero 396, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mogadishu. Caje gufasha abasirikare ba Somaliya bariko baratana mu mitwe na al shabab.
Harardhere ni igisagara kiri ku nkengera z’amazi giheruka gufatwa n’inteko za reta kw’itariki ya 16 z’uku kwezi kwa mbere.
Kibaye igitero c’indege kigira kabiri gikozwe na Amerika muri Somaliya kuri al-Shabab mu misi ya vuba. Gikurikiye ico kuwa 20 cabereye mu gisagara ca Galcad, cahitanye aba al shabab 30.
Igisirikare ca Amerika, AFRICOM cavuze ko igitero co ku musi wa gatanu kwabaye ukwihora icakozwe na al-Shabab kw’ikambi y’abasirikare ba reta i Galcad. Igitero ca Al shabab cishe abasirikare indwi barimwo umukomanda. (VOA News)