Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU yabonanye n’umushikiranganji w’imfatakibanza wa Afuganistani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa gatatu. Baganiriye bibazo vyo kwiga no gukora kw’abagore, inyuma y’aho Abatalibani bategekeye ko abagore bakora mu mashirahamwe ategamiye reta bahagarika gukora no kuja mu makaminuza kwiga.
Amina Mohammed yari ku murwa mukuru Kabul muri umwe mu mibonano yatanguriye muri Turukiya, Qatar na Pakistani. Muri ivyo bihugu yaraganiriye n’abadiplomate b’aho ibibazo vy’abagore muri Afuganistani. Iyi mibonano yarimwo n’abanyafuganistani baba mu makungu hamwe n’abaserukira ishirahamwe ry’abayisilamu kw’isi, OIC.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko iyo mirwi yose ivuga rumwe ku bibazo vy’abagore, n’uburenganzira bw’abakobwa bwo gukora no kwiga muri Afuganistani.
Reta y’Abatalibani yo yisigura ivuga ko izo ngingo zafashwe kuko bamwe mu bagore n’abakobwa bataye imico ya kiyisilamu ijanye n’inyambaro.
Ariko bamwe mu bakora mu bisata nk’ivy’amagara y’abantu bavuze muri iyi ndwi ko bemerewe barasubira mu buzi. (VOA)