Umugaba w'Ingabo z'Amerika Yabonanye na Mugenzi we wa Ukraine muri Polonye

Umujenerali w’igisirikare ca Amerika, Mark Milley

Umujenerali w’igisirikare ca Amerika, Mark Milley hamwe na mugenzi we wa Ukraine bahuriye kuri uyu wa kabiri kw’ikambi ya gisirikare mu bumanuko bushira ubuseruko wa Polonye.

Bibaye ibiganiro vya mbere abo bategetsi muvya gisirikare bagiranye amaso mu yandi. Ni ikimenyetso c’uko ugukorera hamwe mu guhangana n’Uburusiya kurushiriza gutera intambuko, inyuma y’amezi 11 iyo ntambara imaze.

Umugaba mukuru w’ingabo zose za Reta zunze ubumwe z’Amerika Jenerali Milley, hamwe n’umujenerali wa Ukraine, Valerii Zaluzhnyi baganiriye amasaha abiri mu kibanza c’ibanga hafi y’urubibe Ukraine ihana na Polonye. Abo bategetsi babiri ba gisirikare ntibari bwigere bahura amaso mu yandi ariko barakunda kuvugana kuri telefone kuva Uburusiya bwinjiye muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri umwaka uheze.

Uyu mubonano uje mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi bibandanya kurungika muri Ukraine ibirwanisho bifise agaciro k’amamiliyaridi y’amadolari vyo kurwanya ibitero vy’indege z’Uburusiya.

Jenerali Milley hamwe n’abandi bategetsi ba gisirikare b’ibihugu bacuditse barahurira i Buruseli mu Bubirigi kuri uyu wa gatatu no kuwa kane. Ni kugira bongere barabire hamwe imikenyuro mishasha bofatira Uburusiya mu ntambara burimwo muri Ukraine. Muri uyo mubonano hazoba harimwo n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin.

AFP