Abaharanira Ibidukikije muri Afurika Biyamiriza Prezida wa COP28

Ifoto ya kahise (2014), aho Sultan al-Jaber, umukuru w’ishirahamwe ridandaza ibitoro yari kumwe na Ban Ki-moon yahoze atwara ONU

Abaharanira ineza y’ibidukikije muri Afrika barinuba inama za ONU zerekeye gukingira ibidukikije. Ukwo kwinuba n’ukugaragaza agashavu bafitiye ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bije inyuma y’aho ku musi wa kane hatangarijwe ko Sultan al-Jaber, umukuru w’ishirahamwe ridandaza ibitoro ariwe azoyobora inama igira 28 kw'ihindagurika ry'ibihe, izwi kw'izina rya COP.

Ivyo biganiro bizobera muri Reta zunze ubumwe z’Abarabu guhera mu ntango z’ukwezi kwa cumi na rimwe. Ishirahamwe Nyafrika rishira imbere ubutungane n’ubungane mu bijanye n’ugukingira ibirere, The Pan African Climate Justice Alliance (PACJA), rivuga ko ari “Ibihe biteye isoni”.

Ishirahamwe PACJA ribicishije kuri Mithika Mwenda aritwara, ryasavye ko Sultan al-Jaber, avanwa mu mabanga ya prezida wa COP28, bitabaye uko rikagabisha ko bazohamagarira sosiyete sivile kutitabira iyo nama.


ONU ntaco irashikiriza kuri iyo myidogo. Abaharanira ibidukikije babandanya kugira amakenga ku ruhara abategetsi b’amashirahamwe ajejwe ibitoro n’imyuka ya gaz babandanya kugira muri ivyo biganiro. Ibihugu bitari bike bigerageza kwumvikana ku kuntu bigiye kugabanya mu bituma ubushuhe bubandanya kwongerekana kw’isi.

Umwe mu bahinga bakurikiranira hafi ico kibazo, yashize ahabona urutonde rw’abantu bari bateguwe kuja mu nama yo mu mwaka uheze, aho yasanze harimwo abagera kuri 636 bakorana n’amashirahamwe akoresha ibitoro n’ibindi bintu bifise ingaruka mbi ku bidukikije. Ico gitigiri cari ciyongereye incuro 25% ku co mu mwaka wo mu 2021.