Mu Burundi, inama nshingamateka y'ico gihugu yemeje kuri uyu wa mbere abagize umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu bashasha.
Sixte Vigny Nimuraba yawusubije ikibanza ca mbere wari watakaje inyuma y'imvururu za 2015 ni we yasubiye kwemezwa nk'umukuru wawo. Mu biro harimwo umukenyezi umwe.
Ishirahamwe Ligue Iteka rivuga ko ryizeye ko umurwi mushasha uzozana impinduka.
Umviriza ngaha inkuru yose y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5